Coronavirus: Igituma gukaraba intoke bigoye mu bihugu bimwe bimwe

  • Inkuru ya Swaminathan Natarajan
  • Umumenyeshamakuru wa BBC
Celestine Adhiambo ari kumwe n'abana biwe
Insiguro y'isanamu,

Celestine Adhiambo yoshima guha ibifungurwa bike abana hakubura amazi

Mu gihe mu bihugu vya Buraya hamwe n'ibindi bikize ubuzima busa n'ubwahagaze mu ntumbero yo guhangana na coronavirus, ku ma miriyoni y'abantu nta cizere c'uko bazoshobora gukurikirikiza impanuro za OMS nko gukaraba intoke no kutegerana.

Abantu baharugwa ku muriyaridi baba mu tuzu tw'utururi bakaba bagize 30百分比 vy'ababa mu bisagara kw'isi. Ayo mazu babamwo atanga akayaga gake, kandi nta nzira y'imicafu afise, bigatuma ingwara zikwiragira vyoroshe.

Celestine Adhiambo, w'imyaka 43 aba mu gace ka Mukuru karimwo amazu aciriritse cane i Nairobi n'umugabo wiwe hamwe n'abana 6. Inzu y'umuryango igizwe n'icumba kimwe abamwo ntifise amazi n'umuyagankuba. Avuga ko abana biwe badashobora kuyigendagendamwo badacanyeko.

Yabariye BBC ati: ''Ntivyodushobokera ko umwana atandukanywa n'uwundi mu gihe hokwaduka ubwandu. Nta kibanza dufise. Nta cumba kiri ngaha. Leta yari ikwiye gutwara kwa muganga abanduye."

  • Impamvu utagomba gushya ubwoba kubera coronavirus
  • Coronavirus: Sobanukirwa ibyo 'kwishyira mu kato'
  • Kuki twikora mu maso? Twabyirinda gute?

Umugabo wiwe akora nk'umubaji kandi ku minsi akora yinjiza amashilingi 400 y'ama Kenya, n'ukuvuga amahera y'amongereza 3,15 kandi umuryango wiwe ukoresha amashilling 50 mu kugura utudobo cumi tw'amazi.

Ariko ibigo bitanga amazi ntibimenyerwa, kandi mu misi ata mazi abonetse, umuryango usanga uhevye kwoga kwo gucishako wari ubimenyereye.

Insiguro y'isanamu,

Abantu baba ahantu haciriritse cane i Mukuru ntibarabona intumbero zo kwikingira bahabwa n'abayobozi

Mu gace ka Mukuru haba abantu igice c'umuliyoni kirenga. Amazu yaho akozwe mu bipukuru canke ibikoresho vya plastike mugihe abifise bubakisha amabati. Nta gukusanya umucafu ngo uje gutabwa kubaho, mwinshi muri wo ukaba ukaba utabwa mu ruzi.

Ishirahamwe ridaharanira inyungu ryo muri ako karere ryitwa Mercy Mukuru, rihafise amashure ane y'intango arimwo abanyeshure 7.000. Hafi y'icakabiri c'abo ntibashobora kuronka isabuni, nk'uko bivugwa n'umuyobozi w'iryo shirahamwe, Mary Killeen.

Madamu Adhiambo yagize ati: "Mfise umwitwarariko. Uyu mugera niwakwiragira muri aka karere, ibara rizogwa."

Muganga Pierre Mpele, yahoze aserukira ikigo mpuzamakungu kijejwe amagara y'abantu mu bihugu vyinshi vya Afrika y'uburengero yavuze ko amazu yo muri Afrika ashobora kurangwamwo abantu benshi, aho binashika ko abantu 12 basangira inzu y'icumba kimwe. Yagize ati ''gushira abantu mu kibanza ca bonyene ntibizokunda ahantu henshi''.

Si amazu gusa y'abantu baciciriritse ariko aragira ikibazo c'ubukene bw'amazi. Ibisagara vya Johannesbourg na Chennai vyose vyarahatswe gukamamwo amazi mu mwaka uheze.

Insiguro y'isanamu,

Ibisagara vyinshi vyo muri Aziya y'ubumanuko birafise ikibazo c'amazi kandi mu mwaka uheze Chennai yarahstswe gukamamwo amazi

Shanthi Sasindranath, Nyina w'abana 2, aba mu micungararo y'igisagara ca Chennai yabariye BBC ati: "Nihaba ubukene bw'amazi nko mu mwaka uheze, bizogorana kuronka amazi yo gukaraba intoke incuro nyinshi. "

Mugihe c'ubukene bw'amazi mu mwaka uheze, umuryango wiwe warashoboye kubaho nabi nabi ugura amazi adasukuye ava mu mariba y'abarimyi ku bilometero birenga 50.

Hari utuzu twa surwumwe twagenewe bose duke cane kandi abanyagihugu ntibakurikiza impanuro zitangwa n'abaganga.

Insiguro y'isanamu,

Shanthi avuga ko igisagara ca Chenai caranzwe n'ubushuhe mu mwaka uheze kandi hazoguma hibonekeza ubukene bw'amazi yo kuguma bakaraba mu muryango wiwe

"Mw'igaliyamoshi, abantu bakorora bari hafi yawe, ata na kimwe bikingirije ku munwa. Bishitse nkabishira hejuru, bamwe muri bo barasaba ikigongwe, abandi bakeyi nabo bagatangura gushwana."

Incuti n'abagenzi bagenda inzu yiwe imisi yose kandi Sasindranath ntaramenya ingene yogabanya kubonana n'abantu.

"Ndiko mbarira abana banje ko bakaraba intoke kenshi kandi buke buke. Nababariye ko bategerezwa kwoga mu minwe iyo boba bavuye hose, naho boba bamazeyo iminuta 5. Nk'umuryango ntidutembera cane nk'uko twahora tubikora."

Muganga Poppy Lamberton, yigisha ibikorwa birangurigwa kwa Muganga muri Kaminuza ya Glasgow mu Bwongereza yavuze ko amaleta ategerezwa kwongera utwigoro.

"Amaleta amwe amwe arakenye, ariko ntakenye nk'abantu. Mugihe hoba ikiza yari akwiye gushobora gushira ikibano cose ahaconyene."

Insiguro y'isanamu,

Muganga Mpele ashaka ko ikigo OMS gishiraho intumbero zizokorerwako n'ibihugu biri mu nzira y'amajambere

Ikigo kijejwe amagara y'abantu kw'isi, OMS, kiriko kirarondera ingene gifasha amaleta mu ntumbero yafashe mu kurwanya uyu mugera, ariko Muganga Mpele ashaka ko hashirwaho intumbero zo gufasha ibihugu biri mu nzira y'amajambere.

Ariko kandi asaba inguvu mu guhamagarira abayobozi kugira umwete imbere y'uko iki kiza gikwiragira hose ku mugabane wa Afrika.

Yagize ati ''Iciza n'uko uyu mugera utariko urakwiragira cane ku mugabane wa Afrika. Ibitigiri vyinshi vy'abantu bamaze kumenyekana ko banduye uyo mugera bigizwe n'abagendeye mu Bushinwa no mu Bulaya. Ntituzi igituma utariko urakwiragira cane.

OMS ivuga ko kwanduzanya ku batagize ingendo biri ku rwego rwo hasi cane ku mugabane wa Afrika kandi yuko gukumira ico kiza ari yo ntambwe nziza.

Tugarutse mu karere ka Mukuru bisa n'uko ata na kimwe cahidutse muri izi ndwi ziheze.

Madamu Adhiambo avuga yumva ata bushobozi na bumwe afise, akaba ariko arakora ikintu kimwe gusa ashoboye.

Yagize ati: ''Ndiko nsenga Imana ngo idukingire uyu mugera twebwe n'ikibano cacu''.